Friday, February 28, 2014

Uganda: itegeko rihana aba 'gay' riyibujije amafaranga



Amakuru

Banki y'isi yose yabaye yigije inyuma guha Uganda ingurane ya milioni 90 z'ama dollars ($90 million) kubera itegeko rihasha buherutse kwemeza ku bagira imibonano mpuzabitsina n'abo babisangiye ryiyamirijwe hirya no hino mu makungu.

Abategetsi ba Banki y'isi yose bavuga ko bashaka kumenya ko imigambi isanzwe ifashamwo itagirwako ingaruka mbi n'iryo tegeko.
Iyo ngurane yari iyo gufasha guteza imbere igisata c'amagara y'abantu.
Umuvugizi wa leta ya Uganda Ofwono Opondo yavuze ko Banki y'isi idakwiye kwigenza ku banywanyi bayo.
Iryo tegeko, ryemejwe ku wa mbere, rikomeza iryari rihasanzwe naryo ryari ritoroshe ku bijanye n'abakora imibonano mpuzabitsina babisangiye.
Ritegekanya igihano co gupfungwa ubuzima bwose ku bakoze iyo mibonano no kubateza imbere iyo nnyifato.
Umukuru wa banki y'isi Jim Yong Kim avuga ko bene ayo mategeko ashobora kubuza igihugu guhiganwa n'ibindi kuko ashbora kubuza abogiye gushingayo imitahe canke kuhakorera ubundi buzi.
Umuvugizi wa leta ya Uganda Opondo avuga ko ivyo abanyabulaya bakora vyose arivyo kandi kw'ibihugu vyari bikwiye kwubahana nk'ibihugu vyigenga.
Yavbwiye BBC ati ''harabaye igihe aho amakungu yafata ko urudandazwa rw'abantu n'ubuja vyari vyiza, ko ubukoloni bwari bwiza, ko gutembagaza intawro zo muri Africa vyari vyiza.......nibaza ko Uganda na Africa nzima bikwiye guhaguruka bikanka ako kigenzo''
Ingingo ya Banki y'isi nico gihano ca mbere mpuzamakungu gifatiwe Uganda kuva iryo ryemezwa.
Prezida Yoweri Museveni yaryemeje avuga ko ashaka kwereka abanyabula ko igihugu cie cigenga.
Uganda n'igihugu c'amikoro make aho abantu benshi badashigikiye abakorana imibonano mpuzabitsina n'abo babisangiye.
S:BBC Gahuza

No comments:

Know more about Rwandan initiative through innovation (RINI)

Is a local non-governmental organization officially approved by RGB (Rwanda Governance Board) working since 2013 in the field of envir...